Uko wahagera

Somaliya: Abanyororo 19 Baguye mu Migumuko mw'Ibohero i Mogadisho


Igipolisi muri Somaliya kimenyesha ko abanyororo 19, n'abacunga ibohero bishwe mu mugumuko mw'ibohero muri Somaliya. Uwo mugumuko wabereye mw’ibohero riri ku murwa mukuru, Mogadisho, ku muhingamo wo ku musi wa mbere.

Abdiqani Mohamed Qalaf, umuvugizi w’igipolisi kijejwe amabohero, yabwiye abamenyeshamakuru ko mu bapfuye harimwo abanyororo 15 n’abacunga iryo bohero 4. Nta birenga aho yatangaje

Umugumuko w’abanyororo watanguye igihe umwe muri bo yafata inkoho y’umwe mu bacunga ibohero atangura kubarasa. Mu kajagari kakwirikiye, abandi banyororo harimwo abagiwe n’ivyaha vy’iterabwoba barafashe inkoho z’abacunga ibohero bari bapfuye.

Iryo bohero riri ku murwa mukuru, Mogadisho, ririmwo bamwe mu banywanyi b’umurwi al-Shabab ukorana n’umurwi Qaida. Wari umugumuko wa mbere nk'uwo ubereye muri iryo bohero mu bihe vya vuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG