Uko wahagera

Somaliya: Abagera ku 22 Baguye mu Bitero vya Al-Shabab


Ihoteri yagabweko igitero
Ihoteri yagabweko igitero

Abagera ku 22 baguye mu bitero Al-Shabab yagavye mu bice bitandukanye vya Somaliya mu kiringo c’amasaha 24. Kimwe muri ivyo bitero cagabwe ku murango w’uno wa mbere mu gisagara citwa Beled Hawo giherereye ku rubibe Somaliya ihana na Kenya: Abategetsi babwiye igisata ca Somali kw’Ijwi ry’Amerika ko n’imiburiburi abantu batandatu ari bo bakiguyemwo, abagera kuri munani bagikomerekeramwo. Ni igitero cagabwe mu nzu y’uburiro, abo cahitanye bose bakaba bari baje kwivuna umusase.

Hambavu y’ico gitero Al-Shabab yigamvye ko ikindi yagavye ku kirindiro c’abasirikare kiri ahitwa Gofgudud Burey cahitanye bane. Abategetsi b’akarere kabereyemwo ico gitero bavuze ko ituze ryagarutse.

Ivyo bitero bibiri vyo kuri uno wa mbere bije bikurikira ikindi cagabwe ejo ku wa Mungu ku ihoteri iri ku murwa mukuru Mogadishu. Ni igitero cahitanye abagera kuri 12, gikomeretsa 42. Abajejwe umutekano w’akarere cabereyemwo bemeje ko bane bakigavye bishwe. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya, ibihugu bitandukanye birimwo Turukiya vyateye ivyatsi abagavye ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG