Igitigiri c'abahitanywe n'ikamyo itwara ibitoro yaturitse mu gihugu ca Sierra Leone caraduze kigera kw'i 115 nk’uko vyatangajwe uno musi ku wa mbere n'umuvugizi w'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.
Ubwo bushikiranganji bwari bwatangaje imbere y’aho ko abantu 99 ari bo bapfuye igihe iyo kamyo yaturika inyuma y’impanuka yabereye mu gice kiri ku nkengera y’umurwa mukuru, Freetown ku musi wa gatanu w’iyi ndwi turangije.
Mu bapfuye harimwo abantu bari baje gusahura ibitoro vyariko biva muri iyo kamyo yari yacitswemwo ibice. Abandi amajana n’amajana barakomeretse. Ivyo vyarongereje uburemere ku gisata c’amagara y’abantu kimaze imyaka itari mike kitaronswa uburyo kandi gifise abakozi badakwiye. Imodoka zari hafi y’ahabereye iryo sanganya zarahiye.
Umuryango watakaje ikibanza ukoreramwo ubudandaji n’inzu ubamwo kubera uyo muriro umenyesha ko urara hanze. Mohamed lamin Mansaray afise ubunywero avuga ko kuva iyo mpanuka ibaye ata muntu n'umwe arabafasha.
Yatangaje ko yabwiye abari mu bunywero bwiwe kuyanyaga gatoyi imbere y’uko iyo kamyo yari itwaye ibitoro iturika. Impanuka nk’izo z’amakamyo atwara ibitoro zarahitanye abantu batari bake mu karere ko muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara mu myaka ya vuba, harimwo Tanzaniya na Republika ya demokrasi ya Congo, aho abantu baja kuvoma ibitoro biba biriko biva mu makamyo abitwara aba yagize isanganya.
Facebook Forum