Uko wahagera

Sentare yo Muri Ghana Yanse Ikirego Gihakana Ivyavuye mu Matora


Sentare ntahinyuzwa ya Ghana
Sentare ntahinyuzwa ya Ghana

Iyo ngingo yafashwe uyu musi wa kane. Ikirego cari cashikirijwe na John Mahama yarangije mu kibanza ca kabiri mu matora yo mu mwaka uheze. Yari yasavye ko ayo matora yatsinzwe na prezida ahari muri iki gihe, Nana Akufo-Addo, yosubirwamwo.

Umucamanza mukuru wa sentare nkuru y’igihugu, Kwesi Anin Yeboah yavuze ko Mahama atatanze ivyemezo vyizigiwe ku kirego ciwe c’uko amatora yibwe. Yavuze ko kubera izo mvo ata mpamvu bafise zo gutegeka ko amatora asubira kuba.

Amenyesha ko arico gituma bateye ivyatsi ico kirego kubera kitagira ishingiro.

John Mahama yiyamirije ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka yabaye kw’italiki 7 y’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2020. Ivyavuye mu matora vyerekanye ko Prezida Nana Akufo-Addo wo mu mugambwe, “New Patriotic Party” yatsinze n’ibice 51.59 kw’ijana vy’amajwi, mu gihe John Mahama wo mu mugambwe, “National Democratic Congress” yaronse ibice 47.36 kw’ijana.

Yagirije urwego rw’igihugu rujejwe amatora ko rwakoresheje amatora yaranzwe n’ubusuma. Yari yatangaje ko azokora ibintu vyose arekuriwe n’amategeko kugira amatora asubirwemwo.

John Mahama, afise imyaka 63 muri iki gihe, yayoboye igihugu ca Ghana kuva mu mwaka w’i 2011 gushika mu mwaka w’i 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG