Uko wahagera

Reta ya Zimbabwe Ibandanya Guhagarika Abatavuga Rumwe Nayo


Reta ya Zimbabwe ibandanya guhagarika abatavuga rumwe nayo. Abasirikare n’abapolisi bariko bahagarika abanywanyi b’abatavuga rumwe na reta n’abaharanira ko ibintu bihinduka mu gihugu. Ivyo bibaye inyuma yuko abategetsi baburijemwo imyiyerekano y’ukwiyamiriza reta yari itegekanijwe kuba ku musi wa gatanu w’indwi irangiye.

Abantu barenga 60 baramaze guhagarikwa gushika ubu mu gikorwa ca reta c’ugukandamiza abatavuga rumwe nayo nk’uko bitangazwa n’ishirahamwe ry’abanyamategeko baharanira agateka ka muntu muri Zimbabwe. Iryo shirahamwe ririko rironsa abahagaritswe ababunganira.

Mu ndwi iheze, umwanditsi w’ibitabo azwi mu makungu, Tsitsi Dangarembga, yarahagaritswe kubera agize imyiyerekano iciye mu mahoro. Yamaze ijoro mu gasho k’igipolisi imbere yuko arekurwa atanze ingwati.

Umugambwe ukomeye utavuga rumwes na reta, Movement for Democratic Change”, MDC mu mpfunyapfunyo, umenyesha ko abategetsi bawo batari bake bahagaritswe canke bagiye mu bunyegero.

Umuvugizi w’uwo mugambwe, Tendai Biti, avuga ko mu gihe abajejwe umutekano badatoye abo bashaka guhagarika, kenshi basenya amazu yabo canke bagaturubika amacuti yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG