Uko wahagera

Reta ya Uganda Yagirizwa Kubangamira Abibungeze


Abakozi bajejwe amagara y’abantu mu gihugu ca Uganda bagirije reta ko iriko igeramira ubuzima bw’abapfasoni bibungenze n’abakeneye kwivuza vyihutirwa. Ivyo kubera bisabwa ko bose barondera uruhusha bw’ugushobora kujanwa kwa muganga bakoresheje uburyo bw’ugutwara abantu.

Prezida wa Uganda, Yoweri Museveni yategetse ko abanyagihugu baguma mu ngo zabo ku musi wa mbere w’iyi ndwi. Ivyo mu ntumbero y’ukugabanya ikwiragira ry’ikiza c’umugera wa Corona mu gihugu. Gushika ubu abantu bamaze kwandura umugera muri Uganda ni 44 n’imiburiburi.

Prezida Museveni yaraziririje imodoka mu mabarabara mu kiringo c’imisi 14. Yatangaje ko reta izofasha mu gutwara abantu bakeneye kuvurwa vyihutirwa mu bitaro. Yamara rusehabaniha za reta zijejwe gutwara abantu mu bitaro ntizikora neza.

Ekwaro Obuku, yahoze ayoboye ishirahamwe ry’abaganga mu gihugu ca Uganda, yavuze ko kuziririza imodoka z’abantu basanzwe mu mabarabara bizokwunyura urugero rw’abapfasoni bapfa bariko baribaruka.

Bamwe mu banebagura Reta n’abaharanira uburenganzira bwa muntu bagiriza Reta ya Uganda ko iriko ikoresha inguvu z’umurengera mu kwubahiriza ingingo zafashwe z’ukurwanya ikiza c’umugera wa Corona. Bavuga ko abantu benshi bazopfa badahitanywe n’umugera wa Corona, ko ahubwo bazohitanwa n’impfu abantu boshoboye kwirinda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG