Uko wahagera

Reta ya Sudani n'Imirwi Irwanya Ubutegetsi Bwayo mu Nzira y'Amahoro


Umushikiranganji wa mbere wa Sudani Abdalla Hamdok
Umushikiranganji wa mbere wa Sudani Abdalla Hamdok

Reta ya Sudani n’imirwi icenda irwanya ubutegetsi bw’ico gihugu bumvikanye ku vyoja mu nteguro y’amasezerano y’amahoro. Ni amasezerano yitezwe bitarenze ukwezi kwa kabiri mu 2020.

Mu vyo impande zose zemeranije gushimikirako mu biganiro vya nyuma bitegekanijwe kubera I Juba ku murwa mukuru wa Sudani y’Epfo, harimwo kuja mu mizi y’icateye amatati, ingene impunzi zotahukanwa n’ugusububiza mu vyabo abegeranirijwe hagati mu gihugu, isangirwa ry’ubutegetsi n’ingene abari mu mirwi irwanya ubutegetsi bazoshirwa mu gisirikare ca Sudani.

Muri iyo nteguro y’amasezerano abarwanyi basavye Reta kuzokwiyemeza gusanura inyubakwa zose zasenyutse mu gihe c’ingwano.

Urunani SRF ruhurikiyemwo imirwi irwanya ubutegetsi bwa Sudani rwavuze ko integuro y’amasezerano y’uno wa gatandatu ari intambwe ikomeye izotuma haboneka amasezerano y’amahoro arama, bigatuma n’umugambi wo guhererekanya ubutegetsi ugenda neza.

Hari haheze indwi zibiri impande zerwa n’amatati muri Sudani ziri mu mishikirano yo gutegura ibiganiro vya nyuma vyogarukana amahoro mu ntara ya Darfur.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG