Reta ya Sudani yo mu bumanuko iriko irariha imiliyoni zitatu n’ibihumbi 700 vy’amadolari y’Abanyamerika isosiyete yo muri Reta Zunze ubumwe za Amerika igizwe n'abanonosoye umwuga wo kuvuga neza ibihugu n’abantu bita, Lobbysts mu rurimi rw’Icongereza, kugira iyo sosiyete ifashe mu kunagura imigenderanire y’ico gihugu na reta ya Prezida Trump.
Iyo sosiyete izoba kandi ijejwe guhagarika utwigoro two kurengukisha imbere y’ubutungane abantu bagize uruhara mu gukubagura no kwica inzira karengane mu ngwano yamaze imyaka itanu.
Itororokanirizo ry'amakuru y'Abongereza, Associated Press, ryemeza ko ryashoboye kuronka urwandiko rw'ayo masezerano yashizweko igikumu muri uku kwezi na reta ya Sudani yo mu bumanuko hamwe na sosiyete yitwa Gainful Solutions, itwarwa na Michael Ranneberger.
Abatavuga rumwe na reta ya Sudani yo mu bumanuko baraneguye ibikorwa vy’iyo sosiyete ngo kuko ayo masezerano agaragaje ko reta ya Sudani idashaka ko abakoze ivyaha bakubitwa intahe mu gahanga.
Icegera ca ambasaderi aserukira igihugu ca Sudani yo mu bumanuko muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Gordon Buay, yavuze ko reta yiwe ata mugambi wo kuburizamwo ubutungane ifise ariko ko umugambi wo kurekuriranira ariwo uzoza imbere y’ubutungane.
Facebook Forum