Uko wahagera

Reta ya Nijeriya Yabohoje Abagore n'Abana 100 Bari Banyurujwe


Ifoto y'abagore bigezwe kuba baragizwe imbohe muri Reta ya Kaduna
Ifoto y'abagore bigezwe kuba baragizwe imbohe muri Reta ya Kaduna

Abategetsi muri Nijeriya bavuga ko babohoje abantu 100 bari baranyurujwe n'abasuma mu kwezi guheze. Umuvugizi wa polisi ya Reta ya Zamfara iherereye mu Buraruko bushira Uburengero abo banyurujwe babamwo yavuze ko batabawe ata n’igiceri kirinze gutangwa.

Abatabawe biganjemwo abapfasoni bakorera mu gisata c’ubuvuzi n’abana. Reta ya Nijeriya yemeje ko ukubohozwa kw’aba bantu igukesha ibiganiro vyabaye hagati y’ubushikiranganji bw’umutekano n’ababanyuruje.

Abamaze gushika mu miryango yabo muri abo babohojwe ni 80. Abandi 20 baracariko bagirirwa amasuzumwa kwa muganga. Babohojwe inyuma y’imisi 42 bari bamaze mu minwe y'abo Reta yemeza ko ari abasuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG