Perezida wa Kameruni Paul Biya yemeye ko abasirikare ba Reta yiwe bagandaguye abasivile ataco bazira harimwo abapfasoni n’abana mu gitero bagize kw’italiki 14 z’ukwezi kwa kabiri, mu mihana iri mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu. Ni inyuma yuko Reta ihakanye ko ivyo vyabaye.
Ibiro vya Prezida Biya bitangaza ko ibiziga vy’abapfasoni 3 n’abana 10 abasirikare bishe hanyuma bakagerageza kubinyegeza bizozurwa bigashingurwana iteka. Ivyo biro bimenyesha kandi ko abasirikare ba Reta baturiye inzu zitari nke bavyegeka ku barwanyi bashaka kwiyonkora kuri Kameruni.
Perezida Biya yasavye ko abakoze ayo mabi bashirwa imbere y’intahe. Abasirikare 3 baramaze guhagarikwa.
Umuvugizi w’abavuga urimi rw’icongereza mu mihana y’ahitwa Ngarr-buh mu buraruko bushira uburengero bwa Kameruni yatangaje ko ashimishwa nuko bubaye ubwa mbere Perezida Biya yemeye ko inteko za Reta zakoze ubwicanyi bukabije.
Yasavye Biya gusaba imbabazi imirwi iharanira agateka ka muntu yagirije ko yarementanije ivyerekeye ubwo bwicanyi kugira itosekaze isura y’igisirikare ca Reta.
Facebook Forum