Uko wahagera

Reta y'Uburundi Yasavye Urwaruka Kwitabira Ibikorwa vy'Iterambere


Ezechiel Nibigira, mushikiranganji ajejwe urwaruka mu Burundi
Ezechiel Nibigira, mushikiranganji ajejwe urwaruka mu Burundi

Umushikiranganji ajejwe urwaruka mu Burundi aruhamagarira kuja hamwe mu mashirahamwe kugira Reta ironke uko irufata mu mugongo neza.

Ezechiel Nibigira anarwinginga kwijukira gukoresha ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru. Biri mw'itangazo yasomeye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu atangaza umusi mpuzamakungu w'urwaruka uzohimbazwa kuri uyu wa kane.

Bamwe mu bakiri bato baganiriye n'Ijwi ry'Amerika bavuga ko hejuru y'ikibazo c'akazi gatangwa hakoreshejwe ka mwana wa mama hakiri n'urwaruka rwinshi rutaratahura ko gukorera hamwe bifise akamaro.

Umviriza ngaha inkuru y'ijwi ry'Amerika kuri ico kibazo, yateguwe na Eloge willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:39 0:00

Icivugo mpuzamakungu c’uyu mwaka kigiria kiti” Guhindura uburyo bwo gufungura, ni ivyiyumviro bishasha vy’urwaruka ku buzima bwa kiremwa muntu n’ubw’isi yacu”. Uburundi bwo bwahisemwo ikivuga ngo” Rwaruka, kazoza k’igihugu kari mu minwe yacu. Tuje hamwe twitunganirize imigambi irama dusezerere ukuzera inze”.

Umushikiranganji ajejwe urwaruka mw’itangazo yasohoye akarisomera abamenyeshamakuru mu biro vyiwe ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura, yavuze ko bi vyivugo uko ari bibiri bihamagarira amakungu n’Uburundi gufata mu minwe no gukurikiranira hafi ibibazo bihanze urwaruka.

Yongeyeko ko ivyo bifise intumbero yo gushira imbere no guha ikibanza ubushobozi bw’urwaruka mw’iterambere kugira rubone kurwanya ubukene n’ubushomeri, runateze imbere ibijanye n’ukubungabunga amagara y’abantu.

Umushikiranganji Nibigira yahamagariye urwaruka gukomeza kurusha ukwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere harinwo ugushinga amahinguriro.

Izi mpanuro umushikiranganji ajejwe urwaruka atanga, bamwe mu rwaruka bazitahuye kera. Akarorero ni ak’uyu mwigeme wo mu tara ya Bubanza ari mu kiruhuko gikuru, akaba yashimye gucuruza kugira afashe abavyeyi.

Ibiharuro bitangwa n’amashirahamwe y’urwaruka vyerekana ko ibice 55,2% vy’urwaruka rwo mu mitumba ata kazi rufise mu gihe ababa mu bisagara bashomereye bashika ku bice 65,4%.

Ayo matohoza nyene yerekana ko mu Burundi abakiri bato ari bo benshi.

Abafise imyaka iri musi ya 25 ni ibice 65 kw’ijana nayo abari musi ya 35 ni 75 kw’ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG