Uko wahagera

Reta y'Imfata Kibanza Yoba Igiye Gushingwa muri Sudani y'Epfo?


Perezida Salva Kiir na Riek Machar aho baheruka guhurira muri Etiyopiya
Perezida Salva Kiir na Riek Machar aho baheruka guhurira muri Etiyopiya

Perezida wa Sudani y’Epfo Salva Kiir na Riek Machar arwanya ubutegetsi bwiwe bumvikanye gushinga Reta y’imfata kibanza.

Umushikiranganji ajejwe gutanga amakuru muri Sudani y’Epfo Michael Makuei Lueth yabwiye abamenyeshamakuru ko iyo Reta izoshingwa bitarenze itariki 12 z’ukwezi kwa cumi na rimwe uno mwaka.

Izo mpande zibiri zumvikanye inyuma y’urugendo Riek Machar yagize ku wa mbere i Juba ku murwa mukuru wa Sudani y’Epfo rugamije kuvana mu nzira ibibazo vyose vyari bisigaye kuganirwako kugira haboneke amasezerano y’amahoro.

Amasezerano yasinywe mu 2018 yatomora ko bitarenze ukwezi kwa cumi na kumwe uno mwaka ubutegetsi bwa Sudandi y’Epfo n’ababugwanya babwirizwa kuba bashinze Reta y’imfata kibanza ihurikiyemwo bose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG