Uko wahagera

RDC: Covid 19 Imaze Guhitana Abashingamateka 32


Dr. Jean-Jacques Muyembe, akuriye umurwi wo kurwanya Covid 19, ari hamwe na Perezida Felix Tshisekedi
Dr. Jean-Jacques Muyembe, akuriye umurwi wo kurwanya Covid 19, ari hamwe na Perezida Felix Tshisekedi

Congo, nk’uko bimeze no mu bindi bihugu bitari bike vyo muri Afrika, catangaje icese ibitigiri bikeyi vy’abanduye canke abahitanywe n’ikiza ca Covid-19, naho ico kiza cageramiye abantu bari ku butegetsi, aho cishe abashingamateka bakomakomeye hamwe n’abegeye umukuru w’igihugu.

Ibiharuro vya nyuma biherutse gutangazwa na reta bivuga ko abantu 31,248 bemejwe ko banduye Covid-19 mu gihe 780 bahitanywe n’ico kiza, muri bo abashingamateka 32, nkuko bitangazwa n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka, ishami ry’abadepite, Jean-Marc Kabund.

Abantu barasabwa kwambara udufukamunwa mu nyubakwa y’inama nshingamateka. Yamara abashingamateka kenshi ntibatwambara mu gihe baba bakoranye ari benshi.

Igikorwa co gucandaga abanyagihugu gisa n’icahagaze inyuma y’uko cigijweyo bivuye ku mpungenge ku vyerekeye incandago za AstraZeneca.

Abanyekongo batari bake baragonanwa ku vyerekeye gucandagwa kubera ubwoba bw’inkurikizi z’incandago n’uko babona ko ata ngaruka nini ikiza ca Covid-19 cagize ku banyagihugu muri rusangi.

Reta ivuga ko abantu 19,597 mu gihugu ni bo bamaze kwicandagisha kuva ico gikorwa gitanguye kw’italiki 19 y’ukwezi kwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG