Uko wahagera

Raporo y’uyu Mwaka y’Ishirahamwe, Amnesty International kuri Afrika yo Musi y’Ubugaragwa bwa Sahara


Salil Shetty, Secretary General of Amnesty International, holds a copy of the organization annual report for 2011.
Salil Shetty, Secretary General of Amnesty International, holds a copy of the organization annual report for 2011.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, ryatangaje ko ivyifuzo vy’abantu batari bake mu karere ku musi y’ubugaragwa bwa Sahara bitashizwe mu ngiro mu mwaka w’2010 kubera agateka ka muntu katubahirijwe kandi katakingiwe

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Amnesty International, ryatangaje ko ivyifuzo vy’abantu batari bake mu karere ku musi y’ubugaragwa bwa Sahara bitashizwe mu ngiro mu mwaka w’2010 kubera agateka ka muntu katubahirijwe kandi katakingiwe.

Ishirahamwe Amnesty International ryatangaje muri raporo yaryo yama isohoka uko umwaka utashe, yashizwe ahabona uno musi ku wa gatanu ko ityozwa ry’agateka ka muntu harimwo kwica abantu mu mpisho, n’ugufata abantu bunyamaswa bigigwa n’inteko zijejwe umutekano n’ukuziririza imyiyerekano iciye mu mahoro bikigeramiye ibihugu bitari bike vyo muri Afrika. Ishirahamwe Amnesty International ryatangaje ko inyifato y’igipolisi iri bintu bityoza agate ka muntu iryo shirahamwe ryatohoze.

Ishirahamwe Amnesty International rivuga ko gufata bunyamaswa abantu vyagizwe n’igipolisi vyatohojwe mu gihugu ca Afrika y’epfo mu mwaka w’2010, ishirahamwe Amnesty International rikaba ryatangaje ko ibihugu vya Mozambique na Guinee vyakoresheje insoro z’ukuri ku bantu bari mu myiyerekano.

Ishirahamwe Amnesty International rayamenyesheje ko abanyororo bapfiriye mu mabohero inyuma yuko bafashwe nabi mu bihigu bitari bike vyo muri Afrika yo musi y’ubugaragwa bwa Sahara harimwo, Burkina Faso, Cameroun, Republika iharanira Demokrasi ya Congo, Eritrea na Ghana.

Raporo y’ishirahamwe Amnesty International yaravyuye kandi amakenga ku bwicanyi n’ityozwa ry’agateka ka muntu vyaranze amatora mu bihugu bimwe bimwe aho mu matohoza nka yose yagizwe, iryo tyozwa ry’agateka ka muntu ryagizwe mu muco w’ukudahana. Ishirahamwe Amnesty international ritanga akarorera k’amatora yabaye muri Ethiopia, Uburundi, Urwanda, Guinee na Cote d’Ivoire.

Naho hari intumbero y’ugukuraho igihano c’ugupfa muri Afrika, ishirahamwe Amnesty International rivuga ko abanyororo bari baciriwe urubanza ry’ugupfa bishwe mu bihugu vya Guinee Equatoriale, Sudani na Somalia kenshi inyuma y’imanza zidasobanutse.

XS
SM
MD
LG