Uko wahagera

Prezida wa Tanzaniya Samia mu Rugendo rw'Imisi Ibiri mu Burundi


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye na mugenzi wiwe wa Tanzaniya Samia Suluhu Hassan
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye na mugenzi wiwe wa Tanzaniya Samia Suluhu Hassan

Umukuru w'igihugu ca Tanzaniya, umupfasoni Samia Suluhu Hassan ari mu rugendo rw'imisi ibiri mu gihugu kibanyi c'Uburundi kuva kuri uyu wa gatanu. Ku kibuga mpuzamakungu c'i Bujumbura yakiriwe n'icegera c'umukuru w'igihugu Prosper Banzombanza.

Ariko ku muhingamo yabonanye na mugenzi wiwe Evariste Ndayishimiye. Itangazo ryasohowe n'ibiro vya perezida wa Tanzaniya rivuga ko intumbero ya runo rugendo ahanini ari ugusinyiranira amasezerano mu bisata bitandukanye hagati y'igihugu ciwe n'Uburundi.

Azonatera iteka inama iteganijwe hagati y'abagwizatunga b'Abarundi n'Abatanzaniya bazorabira hamwe ibibazo vyo guhanahana ibicuruzwa hamwe n'ukwiziganiriza izoba kuri uyu wa gatandatu.

Igihugu ca Tanzaniya i ruhande y'amasezerano mu bijanye no guhanahana ibidandazwa n'Uburundi binafitaniye amasezerano yo kubaka inzira y'igari ya Moshi hagati yaco n'Uburundi. Abagwizatunga b'ico gihugu banafise ibanki buguruye mu Burundi nayo akaja kuyigendera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG