Uko wahagera

Prezida wa Ghana Akufo-Addo Arabonana n'Abatembagaje Ubutegetsi muri Gineya


Mamady Doumbouya ayoboye abatembagaje ubutegetsi muri Gineya.
Mamady Doumbouya ayoboye abatembagaje ubutegetsi muri Gineya.

Nana Akufo- Addo ari muri Gineya uyu musi ku wa gatanu mu mubonano n’abagize kudeta nk’uko vyatangajwe n’itorokanirizo ry’amakuru Reuters. Iyo nama ibaye haheze umusi umwe, abategetsi baserukira ishirahamwe ry’ubutunzi mu bihugu vyo mu burengero CEDEAO bafatiye ibihano abagize kudeta, ku ngingo bafashe yo gukura ku butegetsi Prezida Alpha Conde, bakanabasa gusubiza igihugu mu nzira ya demokrasi mu buryo bwihutirwa.

Iryo shirahamwe rihimirizwa gusubiza ibintu mu buryo mu gihugu ca Gineya inyuma y’aho kudeta zabaye muri Mali no muri Cadi mu ntango z’uyu mwaka zitereye amakenga ko intwara ya demokrasi igiye gusubira inyuma mu bihugu vyo muri iyo ntara.

Urwo rugendo rubaye mu gihe abagize kudeta muri Gineya barangije indwi babonana n’abategetsi hamwe n’abagwizatunga bakomeye bo mu bihugu bitandukanye, mu ntumbero yo kurabira hamwe ukuntu hotunganywa reta y’imfatakibanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG