Uko wahagera

Prezida wa Kongo Yahagaritse Ivyavuye mu Matora y'Abasenateri


Prezida wa Kongo Félix Tshisekedi
Prezida wa Kongo Félix Tshisekedi

Prezida wa Kongo Félix Tshisekedi yafashe ingingo yo kuba arahagaritse ivyavuye mu matora y'abakenguzamateka yabaye ku wa gatanu w'indwi iheze. Yahagaritse kandi n'amatora y'abakuru b'intara vyari bitegekanijwe ko azotunganywa igenekerezo rya 26 kuno kwezi.

Iyo ngingo yatangajwe n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Basile Olongo inyuma y'inama Prezida Tshisekedi yagiranye n'inzego zitandukanye. Umushikiranganji Olongo yasiguye ko iyo ngingo yafashwe kubera ibirego vy'ibiturire vyavuzwe muri ayo matora.

Abatavuga rumwe n'urunani rw’uwahoze ari Prezida wa Kongo Joseph Kabila, Front Commun pour le Congo (FCC) bemeza ko hari abashingamateka bafumbatishijwe amafaranga agera ku madorali ibihumbi 50 kugira batore abanywanyi b'urwo runani.

Urunani FCC muri ayo matora rwatahukanye intebe zirenga zibiri kuri zitatu mu 109 zigize Sena ya Kongo. Prezida Tshisekedi yanasavye sentare y'igihugu gutanguza bidatevye hagize uwagirwa agahanwa vy'akarorero.

Mu bagirizwa kuba boba barafumbatishijwe harimwo abashingamateka b'umugambwe UDPS ukomokamwo Prezida Tshisekedi. Abanywanyi b'uwo mugambwe bongeye gukora imyiyerekano mu bisagara bitandukanye birimwo Kinshasa na Kasai bavuga ko bahemukiwe n'abo batoye.

Umwe mu bari muri iyo myiyerekano yagize ati: "Ni gute UDPS ata mu kenguzamateka n'umwe ifise muri Kinshasa kandi ihafise abashingamateka bashika kuri 12?". Muri Kongo abakenguzamateka batorwa n'abashingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG