Uko wahagera

Urunani rwa Joseph Kabila Rwoba Rugiye Kwiganzira Sena ya Congo?


Bamwe mu bagize urunani FCC
Bamwe mu bagize urunani FCC

Abanywanyi b’umugambwe Prezida wa Congo Félix Tshisekedi akomokamwo, UDPS, kuri uno wa gatandatu bazindukiye mu myiyerekano biyamiriza ivyavuye mu matora y’abakenguzamateka yabaye ku wa gatanu.

Urunani rw’uwahoze ari Prezida wa Congo Joseph Kabila, Front Commun pour le Congo (FCC), rwatangaje ko muri ayo matora rwatahukanye intebe zirenga zibiri kuri zitatu mu 109 zigize Sena ya Congo.

Abaterekwa urunani FCC bavuze ko amatora yo ku wa gatanu yaranzwe n’ubusuma bw’amajwi bakemeza ko hari n’abashingamateka bafumbatishijwe amafaranga agera ku madorali ibihumbi 50 kugira batore abanywanyi ba FCC. Muri Congo abakenguzamateka batorwa n’abashingamateka.

Abakenguzamateka bakomoka mu runani FCC rwa Kabila bakaramuka biganziye Sena, bizotuma uwo yahoze ari Prezida agumana ububasha muri Politike y’igihugu kuko sena ya Congo ifise uburengazira burengeye ubw’izindi nzego.

Muri Ubwo burenganzira harimwo uguhindura ibwirizwa nshingiro ata ntambamyi n’imwe no gukurikirana umukuru w’igihugu ahari imbere y’ubutungane igihe cose bogira ico bamwagiriza.

Sentare ntahinyuzwa ya Congo ifise iminsi umunani kugira yemeze ivyavuye mu matora yo ku wa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG