Uko wahagera

Prezida Ramaphosa Ategekanya Kugabanya Abagize Reta Yiwe


Prezida wa Afurika y'Epfo Cyril Ramaphosa ashikiriza ijambo inama nshingamateka inyuma yo kwemezwa nka Prezida mushasha
Prezida wa Afurika y'Epfo Cyril Ramaphosa ashikiriza ijambo inama nshingamateka inyuma yo kwemezwa nka Prezida mushasha

Abashingamateka mu gihugu ca Afrika y’Epfo batoye Cyril Ramaphosa mu mabanga y’umukuru w’igihugu ku musi wa gatatu. Yemeye gutuma haboneka ubuzi hamwe n’ugukorera inyungu z’abanyagihugu bose aho gukorera inyungu z’abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi ANC.

Umugambwe ANC watsinze amatora yabaye kw’italiki 8 z’ukwezi kwa gatanu. Ivyo vyatumye uwo mugambwe utora umukuru w’igihugu.

Prezida Ramaphosa asanzwe ayoboye umugambwe ANC azorahira ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi. Ramaphosa yatangaje ko azoba prezida w’abanya Afrika y’epfo bose.

Yemeye ko azosubira kunagura ubutunzi bw’igihugu. Ubutunzi bw’igihugu bwiyongeye 0.8 kw’ijana mu mwaka uheze w’i 2018. Ni inyuma yuko buvuye mu bibazo bikomeye. Vyitezwe ko ubwo butunzi bwiyongera 1.5 kw’ijana uyu mwaka.

Vyitezwe ko agena icegera c’umukuru w’igihugu na Reta yiwe mu mpera z’iyi ndwi. Ategekanya kugabanya igitigiri c’abazoba bagize Reta yiwe.

.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG