Uko wahagera

Prezida Putin Yagabiye Amadorali 200 Abasirikare n'Abanyamategeko


Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, kumwe n'umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi, Sergei Shoigu.
Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, kumwe n'umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi, Sergei Shoigu.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yategetse ko abajejwe kubahiriza amategeko bose n’abasirikare b'igihugu ciwe bahabwa amadorali y’Amerika 200. Iyo ngabire ikurikiye iyindi yahaye abakukuruke bose igera ku madorali 135.

Imice y’abantu bazohabwa ingabire y’ayo mafaranga yose izoyaronka ku ncuro imwe rudende. Abasirikare n’abajejwe kubahiriza amategeko bazoyaronka mu kwezi kuza imbere y’amatora y’abashingamateka. Ni amafaranga Putin yatanze avuga ko ari ayo gushigikira abo bantu.

Ni ingabire itanzwe mu gihe ariko arondera ko umugambwe wiwe ushigikirwa cane. Muri iki gihe, umugambwe, United Russia, Putin arimwo uvugwamwo ibibazo vyo gutakaza amajwi no kudakundwa mu banyagihugu bivuye ku biciro vy’ivyankenerwa biguma biduga ariko agashahara ntikisununure, ifaranga ry’Uburusiya naryo rikabandanya ritakaza agaciro.

Uburusiya ntibwatangaje abazoyaronka uko bangana: Ibitigiri biva muri Reta y’ico gihugu vyerekana ariko ko ico gihugu gifise abakukuruke bagera ku miriyoni 42, abasirikare, abapolisi n’abandi bajejwe gucungera umutekano nabo bagaharurwa mu muriyoni umwe n’ibihumbi 700.

Ikinyamakuru co mu Burusiya, Interfax, catangaje ko amakuru cahawe n’umushingamateka yitwa, Andrei Makarov, atwara umurwi wateguye iyi ngabire yerekana ko amafaranga azotangwa yose hamwe arenga amamiriyari 6 n’amamiriyoni 800 mu madorari y’Amerika.

Abashigikiye umugambwe uri ku butegetsi mu Burusiya, United Russia, batanguye kugabanuka mu 2018, Reta imaze gushiraho umugambi wo gushigikira abakukuruke utakiriwe neza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG