Uko wahagera

Prezida Peter Mutharika wa Malawi Yarahiriye Iyindi Manda


Prezida Arthur Peter Mutharika arahirira indi manda
Prezida Arthur Peter Mutharika arahirira indi manda

Peter Mutharika yarahiye uno musi ku wa kabiri mu mabanga y’umukuru w’igihugu ca Malawi mu kiringo kigira kabiri. Ni inyuma y’amatora avurwa ko yaranzwe n’ubusuma.

Komisiyo ijejwe amatora mu gihugu ca Malawi yatangaje ku musi wa mbere ko Mutharika ayoboye umugambwe uri ku butegetsi, “Democratic Progressive Party”, DPP, mu mpfunyapfunyo yatsinze amatora yabaye mu ndwi iheze inyuma yuko ingingo ibuza itangazwa ry’ivyavuye mu matora ikuweho.

Mutharika yatsinze na 38.57 kw’ijana vy’amajwi. Mu gihe uwo bahiganywe Lazarus Chakwera wo mu mugambwe, “Malawi Congress Party”, MCP, mu mpfunyapfunyo aronse 35.41 kw’ijana vy’amajwi, igihushane c’amajwi ibihumbi 159 gusa.

Ibirori vy’ukurahira vya Mutharika vyayobowe n’umucamanza mukuru w’igihugu, Andrew Nyirenda igihe c’isaha umunani zo ku mutaga mu masaha yo muri Malawi, ku kibuga c’inkino co murwa mukuru w’ico gihugu Blantyre.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi, DPP, Grezeller Jeffrey yasavye abanywanyi bose b’uwo mugambwe kwitaba ibirori vy’ukurahira kwa Prezida Mutharika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG