Abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi muri Malawi ejo kuwa gatatu baza baratanguye kwigina intsinzi, inyuma y’ibiharuro bitaremezwa vyerekana ko perezida ariho ubu, Peter Mutharika aza imbere y’abandi mu majwi.
Umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Malawi washikirije ejo kuwa gatatu ko utaritegura gutangura gutangaza ivyavuye mu matora yo kuwa kabiri.
Ariko, ibiharuro bitaremezwa vyatangajwe n’amaradiyo na za televiziyo vyerekana ko Mutharika aza imbere mu bibanza bitari bike vy’amatora.
Komisiyo y’amatora ivuga ko izotangura gutangaza ibiharuro uko bizoza birava mu ma distrikte 28 agize igihugu.
Facebook Forum