Uko wahagera

Prezida Ndayishimiye Yagiriza Abamenyeshamakuru Kuvuga Nabi Uburundi


Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yahuye n’urwaruka rwose rwo mu gisagara ca Bujumbura rufise ico rukora nk’imigambi y’iterambere. Yaruhurije ku kibuga c’umupira w’amaguru cahoze citirigwa Umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Yaruhamagariye kugwiza imitahe no kwiyumvira imigambi yoteza imbere igihugu nko gushinga amahinguriro, kudandaza, kwimba no gushora ubutare, uburimyi n’ibindi. Urwo rwaruka rwashikirije ikibazo c'ubukene bw'imitahe yo gutanguza, na we arwemereye ko azorufasha mu kuronka ingurane mu mabanki yo gutanguza imigambi yarwo.

Prezida Evariste Ndayishimiye yarubwiye ko ababazwa n’abavuga nabi igihugu c’Uburundi aramutswa. Imbere y’urwaruka rurenga 1,000 ku kibuga c’umupira w’amaguru citwa Intwari, Prezida Ndayishimiye yadomye urutoke ku bamenyeshamakuru ko ari bo bafise uruhara rukomeye mu kuvuga ukutariko igihugu cabo.

yavuze kandi ko ari bo bakwega ubukene agira ati: “Bariho abamenyeshamakuru ata kindi bakora atari ukugwiza ubukene mu gihugu gusa.” None nkuwo yiriwa aravuga ngo ibitaro vyose vyo mu Burundi vyuzuye Corona, ngo abantu bahonye, burya si umugwizabukene ga ntuzewe? Muga yiyita umumenyeshamakuru mpuzamakungu. Kandi ni Umurundi,…..”

Abo bari bagiye kumviriza impanuro Perezida Ndayishimiye aha urwaruka rwikorera utwabo canke rufise imigambi mito mito yo kwiteza imbere. Urwo rwaruka rwamaze kwijukira iterambere, umukuru w’igihugu ararutera intege akabakangurira gushinga amahinguriro.

Umukuru w’igihugu yiyemeje gukwiragira igihugu cose atunganiriza urwaruka, ari na rwo rugize ibice birenga 50 ku ijana vy’Abarundi bose, inyigisho nk’izo zo gukunda igihugu no kubakaburira ubwenge kugira bijukire iterambere.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

Umubonano wa Prezida Ndayishimiye n'Urwaruka
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:45 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG