Uko wahagera

Prezida Ndayishimiye Asaba Ikigongwe ku Vyaha Bikorwa mu Burundi


Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye
Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye

Mu ntumbero yo guhimbaza umwaka uheze umukuru w’igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye atanguye amabanga yiwe, ku murwa mukuru i Gitega haratunganijwe amasengesho y’iminsi itatu yo gushima Imana.

Muri ayo masengesho yatanguye ku wa kane w'ino ndwi, Perezida Ndayishimiye yaboneyeho akaryo ko gusaba imbabazi Imana ku vyaha vy’ubwicanyi, guhonyanga agateka ka zina muntu, urwanko n’ibindi avuga ko bimaze iminsi vyibonekeza mu gihugu. Ababikurikiranira hagufi n’abo bamusaba gutera iyindi ntambwe agahana abakora ivyo vyaha yasabiye ikigongwe.

Archevêque Simon Ntamwana, atwara Diyoseze ya Gitega, ku murwa mukuru w’Uburundi, mu nkuka ya misa yasomye atanguza ayo masengesho, nawe yahamagariye umukuru w’igihugu n’abamaze umwaka bamufasha gutwara igihugu, gushira inguvu mu kubahiriza agateka ka zina muntu, Ikiremwa c’Imana. Musenyeri Ntamwana, yifuza ko mu mwaka ugira kabiri, Prezida Evariste Ndayishimiye ari ku butegetsi, hoboneka impunduka zigaragara.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika mu Rwanda

Abaharanira Agateka ka Zina Muntu Bagona iki ku Majambo ya Prezida Ndayishimiye?
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:00 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG