Uko wahagera

Prezida wa Tanzaniya Yipfuza Kugabanya Ibitigiri vy'Abanyororo


Prezida John Magufuli wa Tanzaniya

Prezida w’igihugu ca Tanzaniya, John Magufuli yategetse abayobozi b’amabohero uno musi ku wa kane kugabanya ibitigiri vy’abanyororo mu mabohero ari mu gihugu. Avuga ko hari abantu benshi cane barindiye imanza zabo batotegerejwe kuba bapfunzwe.

Prezida Magufuli yatanze iryo tegeko inyuma yuko agendeye ibohero ririmo igitigiri c’umurengera c’abanyororo muri iyi ndwi.

Urugendo yagize muri iryo bohero riri ahitwa, Butimba, mu ntara ya Mwanza rwatumye asaba ko haba inyinshu ku bitigiri vy’umurengera vy’abanyororo mu mabohero mu gihugu.

Yatangaje ko ibohero rya Butimba rigenewe abantu 900 ririmwo abanyororo 1.000. 925 bakaba barindiye imanza zabo.

Prezida Magufuli avuga ko benshi muribo bamaze imyaka bapfunzwe, mu gihe amatohoza ku madosiye yabo ata na hamwe ariko araja.

Magufuli avuga ko yabwiye ubushikiranganji bujejwe ubutungane n’izindi nzego zijejwe ico kibazo kugendera amabohero yose mu gihugu, intara ku yindi, kugira bumvirize ibibazo vy’abanyororo, hamwe n’ukurekura abapfunzwe mu buryo budakwirikije amategeko.

Kuva Prezida Magufuli agendeye ibohero ryo mu ntara ya Mwanza, abanyororo 300 bararekuwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG