Uko wahagera

Jacob Zuma yaraye agabishije ishirahamwe OTAN, ngo ntirigandagure umukuru wa Libya, Gadhafi


South Africa's President Jacob Zuma greets Libyan leader Moammar Gadhafi before their meeting in Tripoli
South Africa's President Jacob Zuma greets Libyan leader Moammar Gadhafi before their meeting in Tripoli

.

President w’igihugu ca Afrika y’Epfo, Jacaob Zuma, ku musi wa mungu, yaragabishije ishirahamwe OTAN ngo ntirikoreshe inguvu zaryo za gisirikare mu kugandagura umukuru w’igihugu ca Libya, Moammar Gadhafi.

Umushingantahe Zuma yashikirije ayo majambo ku musi mungu, igihe c’inama yagize n’abakuru b’ibihugu vya Mauritania, Uganda na Mali, mu gisagara ca Pretoria mu gihugu ca Afrika y’Epfo.

Yavuze kw’icemezo c’ishirahamwe mpuzamakungu cahaye ishirahamwe OTAN uburenganzira bwo gukingira abasivile, kitariye uburenganzira bwo guhindura intwaro, canke kwica abanyapolitike.

President Zuma yavuze kw’inyishu z’ikibazo c’ingwano yo mu gihugu ca Libya, ar’inyishu izoba iceye mu nzira ya politike, kandi ar’inyishu iri mu banyagihugu bo muri Libya, ubwabo.

XS
SM
MD
LG