President wa reta zunze ubumwe za amerika, yaraye agabishije abashingamateka ko mu gihe batokwicarira ikibazo c’ukuduza igitiri c’umwenda, reta zunze ubumwe za amerika zirekuriwe kuronka, hoba ingaruka mbi zikomeye ku butunzi, muri reta zunze ubumwe za amerika hamwe no mu makungu.
Abademokrate barashikirije umugambi wo kugabanya uruhombo reta zunze ubumwe za amerika zifise, mu gufuta ingingo zimwe zimwe zigabaniriza amatagisi abanyamatungo: Yamara abarepublika, bariyamiriza uyo mugambi, bakaba bavuga kw’ahubwo, reta ya Amerika idakwiye kubandanya ikoresha amafaranga y’umurengera idafise.
Professor Athanase Gahungu yarahaye ikiganiro Frederic Nkundikije, akaba avuga kw’izo mpari zose zihagaze kuri politike, kuko bose abademokrate hamwe n’abarepublika, bazi neza ko bategerezwa gupfundika ingingo yerekeye kuduza igitigiri c’umwenda wa reta zunze ubumwe za amerika, imbere k’ikiringo ca nyuma, co kw’igenekerezo rya 2 ry’ukwezi kw’umunani.