Uko wahagera

Polisi Ya Uganda Yagunduye Ahatangirwa Inyigisho z'Iterabwoba


Polisi ya Uganda Ihangana n'abiyerekana mu 2015
Polisi ya Uganda Ihangana n'abiyerekana mu 2015

Abajejwe umutekano mu gihugu ca Uganda batangaje ko bishe abantu babiri, babasanze mu kigo boba batangiramwo inyigisho z’abatwarwa mu mirwi ikora iterabwoba.

Polisi ya Uganda yemeza ko muri ico kigo kiri ahari isengero y’aba islamu mu gisagara ca Kampala, yahasanze abaharurwa mw'ijana harimwo abana 94 n’abapfasoni 18 bari bagizwe imbohe bahabwa izo nyigisho.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati muri Uganda, Jeje Odong, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko amatohoza y’ibanze yerekana ko muri abo bariko bahabwa inyigisho, harimwo abaturuka mu Burundi, mu u Rwanda, kenya na Uganda bari bafise ubwoba bwinshi n’ibimenyesto vy’ihahamuka.

Emilian Kayima, avugira polisi ya Uganda yavuze ko amakuru y’ibikorerwa muri ico kigo bayamenye ejo ku wa gatanu, aho bariko bakurikirana umugabo ahirwa n’ubutungane yagirizwa kunyuruza umupfasoni w’umugandakazi imbere y’ukumwica mu kwa kabiri.

Abagera kuri 36 bahagaritswe ku mvo z’amatohoza, polisi yabasanganye ibisasu, inkinzo n’ibipanga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG