Uko wahagera

Polisi ya Uganda Yaburijemwo Imyiyerekano Yatunganijwe na Besigye


Besigye ahagarikwa mu 2016
Besigye ahagarikwa mu 2016

Igipolisi mu gihugu ca Uganda cabujije uno musi ku wa gatatu, umunyapolitike atavuga rumwe na Reta, Kizza Besigye kuyobora imyiyerekano y’ukwiyamiriza ruswa mu gihugu. Iyo myiyerekano yari guhiganwa n’imyiyerekano y’ukwiyamiriza ruswa yari yateguwe na Prezida, Yoweri Museveni.

Umuvugizi w’igipolisi co mu gisagara ca Kampala, Patrick Onyango avuga ko abatavuga rumwe na Reta bari bafise imigambi y’ugutera akajagari ku murwa mukuru, Kampala. Yatangaje ko Besigye ari i muhira iwe, ko atahagaritswe.

Besigye yari agiye n’imodoka mu kibanza imyiyerekano y’ukwiyamiriza ruswa mu gihugu yari itegekanijwe gutangurira igihe igipolisi camuhagarika kimutegeka gusubira i muhira iwe. I muhira iwe haracacunzwe n’igipolisi.

Imbere yaho Besigye yaranebaguye Museveni kuba yayoboye imyiyerekano ya Reta y’ukwiyamiriza ruswa.

Avuga ko adashobora kuvuga ko arwanya ruswa kubera ariwe ari inyuma y’iyo nyifato mu gihugu ca Uganda.

Inyuma y’imyiyerekano ya Reta y’ukwiyamiriza ruswa, Prezida Museveni yabwiye abategetsi ba Reta guha akazi abakozi bifatiye ku bushingantahe bwabo hamwe n’ukugendera ijambo.

Ku bw’ishirahamwe rikwirikirana ivyerekeye ibiturire kw’isi, “Transparency International”, mu mwaka w’i 2018, Uganda yaza mu kibanza c’i 149 ku rutonde rw’ibihugu 175 vyasinzikajwe na ruswa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG