Uko wahagera

Polisi ya Mali Yatanye mu Mitwe n'Abakora Imyiyerekano


Igipolisi n'abari mu myiyerekano batanye mu mitwe muri Mali mu gihe ico gihugu catanguje ibiganiro vy'ikiringo nfatakibanza c'inyuma ya kudeta. Umusi wa mbere w’imibonano kuri kazoza ka politike k’igihugu ca Mali yatanguye uno musi ku wa kane.

Muri ico gihe igipolisi cashwiragije abashigikiye imigambwe igize urunani, M5-RFP, ikimenyetso ku kutumvikana gutera kwiyongera ku wuzoyobora Reta nfatakibanza y’inyuma ya kudeta.

Abantu bagera kw’i 100 bashigikiye urunani, M5-RFP rwagirishije imyiyerekano ikomeye yamaze amezi n’amezi y’ukwiyamiriza Prezida Ibrahim Boubacar Keita yakuwe ku butegetsi, batanye mu mitwe n’igipolisi ku rwinjiriro rw’inyubakwa yariko iberamwo imibonano, mu vyatabeshesheje itangura ryayo.

Abategetsi b’abasirikare bakuye ku butegetsi Prezida Keita kw’italiki 18 y’ukwezi kw’umunani bashaka ko Reta nfatakibanza iyoborwa n’abasirikare, mu gihe urunani M5-RFP n’abategetsi b’ibihugu vyo mu karere bo basavye ko Reta y’igisivile ariyo yogira urwo ruhara.

Bakary Keita, umunywanyi akomeye w’urunani M5-RFP avuga ko abasirikare bariko bagerageza kubatwara revolusiyo yabo. Avuga ko bagaragaje kuva mu ntango ko bashaka ko umusivile ariwe ayobora ikiringo nfatakibanza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG