Uko wahagera

Perezida wa Zimbabwe Yahagurukiye Abatavuga Rumwe na We


Perezida Emmerson Mnangagwa
Perezida Emmerson Mnangagwa

Prezida wa Zimbabwe nta mbabazi asaba ku vyerekeye ihagarikwa ry'abatavuga rumwe nawe.

Prezida Emmerson Mnangagwa yise umugambwe, “Movement for Democratic Change”, MDC, mu mpfunyapfunyo, umugambwe w’iterabwoba. Yiyemeje kubandanya gufatira ingingo zikomeye abanywanyi b’uwo mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yagiriza inteko zijejwe umutekano ko zanyuruje abantu, zongera ziboreza igufa abandi.

Mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo ya reta uno musi ku wa kabiri, Prezida Mnangagwa yavuze ko abanebagura reta yiwe barangwa n’ikibi, ko bategerezwa kurwanywa bagatsindwa. Prezida Mnangagwa yamenyesheje ko ico gikorwa kizobandanya. Yamenyesheje ko abantu bari ku rushi bariko bagerageza guhungabanya umutekano w’igihugu bakoranye n’abanyamahanga baronderera inabi Zimbabwe bazotsindwa.

Mnangagwa yashikirije iryo jambo mu gihe amakangu n’abatavuga rumwe nawe bariko baremera reta yiwe ku vyagirizo vy’ihonyangwa ry’agateka ka muntu.

Ihagarikwa ry’abatavuga rumwe na reta n’abayinebagura ryatanguye mu ndwi iheze igihe abasirikare n’abapolisi baburizamwo imyiyerekano y’ukwiyamiriza Reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG