Uko wahagera

Perezida wa Etiyopiya Sahle-Work Zewde Aragendera Uburundi


Perezida wa Etiyopiya Sahle-Work Zewde
Perezida wa Etiyopiya Sahle-Work Zewde

Umukuru w'igihugu ca Etiyopiya aragendera igihugu c'Uburundi kuri uyu wa kabiri akaba azomara imisi ibiri muri ico gihugu imbere y'ukuganuka. I ruhande y'abategetsi bakuru bakuru bitegekanijwe kubonana harimwo perezida Evariste Ndayishimiye aja kumwakira ku kibuga c'indege mpuzamakungu ca Bujumbura, umupfasoni Sahle-Work Zewde azonagendera ishirahamwe rya mbere mu Burundi rihingura umwavu w'ikizungu FOMI nk'uko amakuru Ijwi ry'Amerika ryaronse avyemeza.

Igisata kijeje kumenyesha amakuru mu biro vya perezida Ndayishimiye mw'itangazo rigufi catangaje ko uru rugendo ruri mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire hagati ya Etiyopiya n'Uburundi isanzwe imaze igihe kirekire.

Nk'uko inama ya ONU ijejwe urucuruzwa n'iterambere yavyerekanye mu myaka ibiri iheze, abakorera mu gisata c'ikawa mu Burundi na Etiyopiya bashobora gushira inguvu hamwe bakaduza umwimbu n'ikawa ishorwa ivuye muri ibi bihugu bibiri vya Afurika biri mu vya mbere bifise ikawa y'akanovera na cane cane iyo mu bwoko bwa Arabica.

Uburundi ariko kandi bunafise amasezerano abuhuza n'ico gihugu co mw'ihembe rya Afurika mu bijanye n'amasezerano y'uruzi NIL.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG