Uko wahagera

Perezida wa Etiyopiya Yaheraheje Urugendo Rwiwe mu Burundi


Perezida wa Etiyopiya Sahle-Work Zewde
Perezida wa Etiyopiya Sahle-Work Zewde

Itangazo rusangi ryasomwe rivuga ko abakuru b'ibihugu bashimangiye cane uruhara rw'ibihugu vya Afurika mu gutorera umuti ikibazo c'umutekano. Inyuma yo kwakirwa ahawe amazimano y’iteka na perezida Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe Angeline Ndayubaha mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri, Sahle-Work Zewde kuri uyu wa gatatu nta ngendo nyinshi yakoze ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Sahle-Work Zewde yagendeye ishirahamwe rya mbere mu gihugu rihingura umwavu w’ikizungu FOMI mu nyuma aca aja kuraba mugenzi we Evaritse Ndayishimiye ku kirimba kwa Ntare Rushatsi mu buraruko bw’umugwa mukuru w’ubutunzi. Bashimye kubonana mw’ibanga.

Ariko kuri uyu mugoroba perezida wa Etiyopiya agarutse hasohotse itangazo rusangi, ryasomwe mu rurimi rw’igifaransa n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu. Nta kintu kini yavuze ku bijanye n’ivyo abakuru b’ibihugu bashitseko mu migenderanire no gufashanya. Ariko yagarutse ahanini kuri poritike imwe babona kumwe yo kugarukana amahoro n’umutekano mu bihugu vya Afrika.

Madame Sahle-Work Zewde, yashimiye cane intererano y’Uburundi mu bikorwa bitandukanye vyo kugarukana amahoro na cane cane muri Somaliya na Centrafrika. Nyakubahwa Evariste Ndayishimiye nawe yashemagije ibikorwa vy’iteka Etiyopiya ikora mukurondera amahoro muri Afrika, ivy’umwiahariko muri Somaliya.

Aba bakuru b’ibihugu babiri bashimangiye ko ari ngombwa gukomeza imiryango yo ku mugabane n’uturere mu gushira amahoro imbere n’ukuyimakaza hatibagiwe umutekano n’iterambere rirama” ni ko Shingiro aramutswa ubushikiranganji bw’imigenderanire yasomye.

Naho ataco yashikirije atahuka, Zewde agishika i Bujumbura ejo yari yamenyesheje ikimuzanye. Umupfafasoni aramutswa Etiyopiya yagiye ahaye ubutumire umukuru w’igihugu c’Uburundi nawe akaba yemeye kuzoja kugendera ico gihugu co mw’ihembe rya Afurika mu misi iri mbere bamaze kumvikana ku kirangamisi. Madamu Zewde abaye umukuru w’igihugu wa mbere agendeye Uburundi kuva Evariste Ndayishimiye agiye mu mabanga gihutihuti mu kwezi kwa gatandatu 2020 bitewe n’urupfu giturumbuka rwa Pierre Nkurunziza yasimbuye.

Ariko mu mezi umunani we amaze kugendera bagenzi be batatu mu bihugu vya Tanzaniya, Gabon na Guinnee Equatoriale. Muri iki ca nyuma yahamaze imisi itanu yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG