Uko wahagera

Perezida w'Uburundi Yatangaje Urugamba rwo Kurwanya Magendu


Perezid Evariste Ndayishimiye w'Uburundi
Perezid Evariste Ndayishimiye w'Uburundi

Perezida Evariste Ndayishimiye, yatangaje ko uwujejwe intwaro mu nzego zose n’igipolisi azosubira gufatirwa muri urwo rudandazwa azohanwa bimwe vy’akarorero.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yahagurukiye ikibazo co kurwanya urundandazwa rwa magendo (Fraude). Perezida Evariste Ndayishimiye yatangaje ko intara izosubira gufatirwamwo ibindandazwa vya magendo bivuye hanze, abategetsi bose kuva kuri bulamatari w’intara, ba musitanteri n’abajejwe igipolisi bazoca babogozwa mu mabanga yabo bakongera bagafungwa. Yabivuze kuri uyu wa kane ku mugoroba, aho hariko harahimbazwa umunsi wahariwe umutangakori.

Ibicuruzwa vya magendo bikunze gufatwa biba bivuye muri Kongo no muri Tanzananiya. Bidatevye, kuri uyu wa gatanu mu gitondo, haciye hafatirwa ku kivuko ca Bujumbura, amabuye y’agaciro, impuzu n’imivinyu vyariko vyinjizwa mu buryo bwa magendo.

Mu mezi atandatu aheze, ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR cemeza ko cafashe ibidandazwa vyinshi vya magendo haba hagati mu gisagara ca Bujumbura canke ku mipaka Uburundi buhana n’ibihugu nka Republika iharanira demokarasi ya Kongo na Tanzaniya. Vyari bigizwe ahanini n’ibitenge hamwe n’inzoga.

Mu birori vyo guhimbaza umunsi wahariwe umutangakori wahimbarijwe mu Ntara ya Ngozi kuri uyu wa kane, umuyobozi mukuru w’ico kigo Audace Niyonzima yemeje ko kimaze kugaruza mu kigega ca reta muri ubwo buryo amafranga arenga imiliyoni 500 y’amarundi mu kiringo c’umwaka.

Aho ni ho umukuru w’igihugu afatira mu kugabisha abategetsi bakingira ikibaba canke bisuka mu rudandazwa rwa magendo, ku bidandazwa biba bivuye hanze y’igihugu.

Perezida Evariste Ndayishimiye, yatangaje ko uwujejwe intwaro mu nzego zose n’igipolisi azosubira gufatirwa muri urwo rudandazwa azohanwa bimwe vy’akarorero. Muri ivyo birori, Perezida Ndayishimiye yahamagariye abagwizatunga bari bavyitavye kongereza ivyo bashobora mu makungu kugira amafranga y’agaciro yiyongere.

Amafranga y’agaciro ni nkoramutima ku butunzi bw’igihugu nk’uko abo bagwizatunga babishikirije.

Yamara, haraheze iminsi itari mike hibonekeza ubukene budasanzwe bw’amadolari. Umwe muri bo yabwiye Ijwi ry’Amerika ko aheruka kurondera aho yogurira ibihumbi 25 vy’amadolari kugira aje kuranguza isima hanze y’igihugu ariko ko yayabuze.

Ijwi ry’Ameirka ryabajije umuhinga yigenga mu vy’ubutunzi Faustin Ndikumana atwara ishirahamwe PARCEM rikorera i Bujumbura icokorwa kugira ubwo bukene buhere.

Ku bw’uwo muhinga, kurwanya urudandazwa rwa magendu ni urugamba rutoroshe kuko rusigaye rukingirwa ikibaba n’inzego nyinshi.

Haheze umunsi umwe Perezida Ndayishimiye atanguje urwo rugamba, haciye hafatirwa kuri uyu wa gatanu ku kivuko ca Bujumbura ibidandazwa bitari bike vya magendu. Bigizwe n’amacupa arenga 200 y’imivinyu, impuzu, amabuye y’agaciro n’ibindi.

Ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR cavuze ko ivyo bidandazwa vyari mu bwato burimwo isima. Isuzumwa rya OBR ryerekanye ko isima yonyene ari yo yari yarishe amakori n’amatagisi, ivuye muri Zambia na Tanzania.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG