Uko wahagera

Perezida w'Uburundi Nkurunziza aha Amanota 95 kw'Ijana Reta Yiwe


Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza aha Leta y’Uburundi yarongoye kuva mu mwaka wa 2015 amanota 95 kw’ijana ku bikorwa yaranguye.

Yabishikirije kuri uno wa gatatu ariko asozera umwiherero wa Leta wari umaze imisi ibiri ubera i Gitega ku murwa mukuru wa politike.

Prosper Ntahorwamiye umuvugizi akaba n’umunyamabanga mukuru wa Reta yavuze ko uwo mwiherero wa Leta y’Uburundi wari uwo gusozera ikiringo Perezida Petero Nkurunziza yari yaratorewe kuva muri 2015.

Umukuru w’igihugu yasavye abagize Leta kutadebukirwa mu misi ya nyuma Leta isigaje mu kurangura neza imigambi izobandanya irangurwa kugeza ikiringo kirangiye.

Bitegekanijwe ko Perezida Pierre NKurunziza abisikanya n’umukuru w’igihugu azoba yatowe mu kwezi kw’indwi mu mwaka uza.

Uwo na we azoba yatowe mu matora yo kw’igenekerezo rya 20 ukwezi kwa gatanu umwaka wa 2020. Ni amatora azobera rimwe n’ay’abahanuzi b’amakomine hamwe n’ayo abashingamateka.

Perezida w'Uburundi Nkurunziza aha Amanota 95 kw'Ijana Reta Yiwe
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:13 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG