Uko wahagera

Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye Yagendereye Igihugu ca Tanzaniya


Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi na Samia Suluhu Hassan wa Tanzaniya
Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi na Samia Suluhu Hassan wa Tanzaniya

Umukuru w’igihugu c’Uburundi ari mu rugendo rw’iminsi 3 muri Tanzaniya kuva kuri uyu wa gatanu. Mu vyo Perezida Evariste Ndayishimiye yasavye, harimwo ugutahukana impunzi no kurwaniriza hamwe imigwi y’iterabwoba imaze iminsi igira ibitero mu gihugu ciwe.

Umukuru w’igihugu wa Tanzaniya Samia Suluhu Hassan yakiriye mugenzi we w’Uburundi Evariste Ndayishimiye mu gisagara ca Dodoma, ku murwa mukuru wa politike.

Bagiriraniye umubonano mw’ibanga. Inyuma yawo, Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi, yavuze ko yifuza ko Tanzaniya gifasha Uburundi mu kurwanya imirwi y’iterabwoba no gutahukana impunzi zirenga ibihumbi 140 z’Abarundi.

Perezida Ndayishimiye yagize ati: "Naje ngaha kugushimira no kugutera intege ku kungene uriko uratwara neza. Uriko wereka isi na Afrika ko n’abakenyezi bashoboye inyuma y’urupfu rwa Perezida Magufuli. Mushikanje, twaje kandi kwerekana urukundo n’umubano mwiza uri hagati y’ibihugu vyacu bibiri"

Yabandanyije agira ati: "Mwaratwemereye kudufasha kugira Uburundi bwemererwe kwinjira mu muryango wa Afrika y’Amajepfo, SADEC, kandi munatuvugire no mu bihugu vya Bulaya vyafatiye ibihano Uburundi vy’ubutunzi kugira bikurweho. Bandanya, n’impunzi z’Abarundi ziri ngaha zitahuke kuko hari amahoro ubu. Murazi ko inzego zacu ku mipaka zikorana neza kandi zirafata inkozi z’ikibi. Hari umugwi urwana urongowe na Alexis Sinduhije, ni uw’iterabwoba mu Karere kacu, barabangamiye umutekano w’abanyagihugu mudufashe kubarwanya".

Mugenzi we Samia Suluhu Hassan, yemereye Perezida Ndayishimiye ko ataco ico gihugu kitazokora ngo Uburundi bugire amahoro n’ubutunzi bwisununure.

Yagize ati: "Twaganiriye ibitari bike, imigendranire, umutekano, ubutunzi n’ibindi. Ariko aha, twemeranije ko ku vyerekeye umutekano ku mipaka, tuzofashanya kugira ibihugu vyacu bigire amahoro. Turababajwe n’ibitero biheruka gukorwa mu Burundi ariko turifatanije, uwuzotera avuye ngaha tuzomurwanya. Twemeranije kandi kubandanya twubakira hamwe ibarabara ry’indarayi twatanguye ndetse dusangiye n’akarere ka Afrika y’ubuseruko gushika muri Kongo"

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaheruka muri Tanzaniya mu mpera z’umwaka uheze mu kwezi kw’icenda. Bukeye kabiri, Samia Suluhu Hassan yasubirije mu ndumane Ndayishimiye, agendera Uburundi mu kwezi kw'indwi uyu mwaka.

Bose uko ari babiri, bahuriye ko basubiriye abakuru b’ibihugu bitavye Imana, Pombe Magufuli wa Tanzaniya hamwe na Petero Nkurunziza.

Bemeranije ko bazobandanya ubucuti abo basubiriye bari bafitaniye.

Umviriza inkuru yose ngaha

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:43 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG