Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron ari i Bagdad mu rugendo rwa mbere mu gihugu ca Iraki. Ni we mutegetsi akomeye cane agendeye Iraki kuva umushikiranganji wa mbere, Mustafa Al Kadhimi ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa gatanu.
Urugendo rwa Prezida Macron rugenewe gukomeza umutekano mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi. Ahejeje kubonana na Prezida wa Iraki, Barham Salih, prezida Macron yatangaje mu butumwa ku rubuga twitter ko amakungu arajwe ishinga n’umutekano wa bose mu karere.
Amenyesha ko yaje gushigikira Iraki mu gihe ihanganye n’ibibazo bitari bike. Macron avuga ko hari ibibazo bitari bike bigeramiye ubwigenge bwa Iraki, vyaba ibiri hagati mu gihugu canke mu karere.
Yamenyesheje ko inteko z’Ubufransa ziriko zifatanya n’inteko za Reta ya Iraki mu rugamba rw’ugutsinda intagondwa. Umushikiranganji wa mbere mushasha wa Iraki, Mustafa Al Kadhimi, yarondeye gushiraho politike yo hanze yigenga y’igihugu ciwe itagendera ku mabwirizwa y’igihugu ca Irani kuva ashitse ku butegetsi mu kwezi kwa gatanu.
Itangazamakuru rya Reta ya Iraki rimenyesha ko Macron azoganira ivyerekeye gukorera hamwe mu bijanye n’umutekano n’abategetsi ba Iraki.
Facebook Forum