Uko wahagera

Perezida Silva Yahoze Arongoye Brezil Yagirizwa Kurya Ibiturire


Perezida Silva aregwa ko yariye ibiturire
Perezida Silva aregwa ko yariye ibiturire

Mu gihugu ca Brezil, umucamanza Sergio Moro, yatanze itegeko ry’uko Perezida Luiz Inacio Lula da Silva, yarongoye Brezil kuva mu 2003 gushika mu 2011, aseruka imbere y’intahe kwishura ku birego yagirizwa bijanye n’ibiturire hamwe n’inyuruzwa ry’amafaranga.

Moro, avuga ko Perezida Silva yakiriye igiturire c’amafaranga arenga umuliyoni w’amadolari ayahawe n’ishirahamwe ry’igitoro. Abandi bazoseruka mur’urwo rubanza n’umutambukanyi wiwe hamwe n’abandi bantu 6.

Umupfasoni Dilma Roussef, yari yasubiriye mu kibanza c’Umukuru w’Igihugu Perezida Silva, nawe yagiriwe kuba yarahinyanyuye ibiharuro vy’ayo mafaranga y’ibiturire. Mu kwezi guheze kw’umunani niho yakurwa mu mabanga yiwe.

Umucamanza Moro, amenyesha ko Peresida Silva hamwe n’abagenzi we, bahawe kandi amazu ku nkengera z’ibahari Guaruja, mu ntara ya Sao Paulo, zibanje gusubirwamwo.

Ivyo birego vyose, Perezida Luiz Inacio Lula da Silva, yahoze atwara Brezil, arabihakana. Yamara ingingo izova muri sentare ishobora kubera intambamyi Perezida Silva gusubira kwitoza mu matora y’Umukuru w’Igihugu ategekanijwe mu 2018.

XS
SM
MD
LG