Uko wahagera

Perezida Mnangagwa Yiyama Abanenga Demokarasi ya Zimbabwe


Perezida Emmerson Mnangagwa ashikiriza ijambo igihugu ku ngoro yiwe i Harare, kw'italiki 6/09/2019
Perezida Emmerson Mnangagwa ashikiriza ijambo igihugu ku ngoro yiwe i Harare, kw'italiki 6/09/2019

Prezida wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa ariyamiriza ivyo yita ibinyoma bicanishamwo abanyagihugu ku bijanye n'ityozwa ry'agateka ka muntu. Ivyo Prezida Mnangagwa yabitangaje uno musi ku wa mbere. Yamenyeshe ko Reta yiwe igeramiwe n’abansi bari mu gihugu no mu mahanga.

Mw’ijambo yashikirije ku musi wahariwe intwari ku murwa mukuru Harare, yavuze ko ivyagirizo vy’ihonyangwa ry’agateka ka muntu bitagira insiguro, ko ari igikorwa c’abansi b’igihugu bashaka gusahura amatungo y’igihugu, ko yamara batazokwigera bashika kuco barondera.

Co kimwe nkuwo yasubiriye, Mnangagwa yagiriza ibihugu vyo mu burengero bw’isi guha amafranga abatavuga rumwe na Reta mu migambi y’uguhungabanya amutekano w’igihugu.

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu atangaza ko abaharanira demokrasi nuko ibintu bihinduka mu gihugu bariko barahagarikwa, banyuruzwa, abandi baborezwa igufa. Ivyo inyuma yuko bateye akamo kuko haba imyiyerekano mu mabarabara kw’italiki 31 y’ukwezi kw’indwi.

Reta yaraburijemwo iyo myiyerekano mu kurungika abajejwe umutekano mu mabarabara yo ku murwa mukuru, Harare. Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta, Movement for Democratic Change, MDC mu mpfunyapfunyo umenyesha ko abanywanyi bawo 30 bahunze ingo zabo kubera ubwoba bw’ukunyuruzwa canke guhagarikwa n’abajejwe umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG