Uko wahagera

Perezida Biden Aratangura Gusigura Umugambi wo Gusanura Inyubakwa


Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden uno musi ku wa gatatu aratangura gusigurira n'ukwumvisha abanyagihugu umugambi uzotwara imiliyaridi ibihumbi 2 vy’amadolari wo gusanura ibiraro, amabarabara, amayira ya Gari ya moshi n’ibindi.

Prezida Biden aratangurira mu gisagara ca Pittsburg, muri Reta ya Pennsylvania. Umwe mu bategetsi bakomeye ba reta yabwiye abamenyeshamakuru ku muhingamo wo ku musi wa kabiri ko iyo migambi izorangurwa mu kiringo kigera ku myaka 8, kandi ko ari imigambi atawokwirengagiza.

Abahinga bavuga ko iyo migambi ifise uruhara rukomeye mw’iterambere ry’ubutunzi bw’igihugu.

Prezida Biden amenyesha ko kuriha amafaranga azokoreshwa muri iyo migambi bizosaba guhindura amatagisi ku masosiyete akomakoye mu gihugu harimwo kuduza urugero rw’amatagisi ayo masosiyete atanga mu kuva ku bice 21 kw’ijana, akaja ku bice 28 kw’ijana.

Umuvugizi wo mu biro kwa prezida, Jen Psaki, ku musi wa kabiri yavuze ko reta ya Prezida Biden yiteguriye kwumviriza ivyiyumviro bitandukanye ku vyereyeke ukuntu amafranga yerekeye iyo migambi, yoboneka. Yamara yavuze ko amabarabara, ibiraro hamwe n’ibindi bikenewe gusanurwa mu buryo bwihutirwa, ku buryo gutangura iyo migambi ari igikorwa gikwiye gushigikirwa na bose bitaravye umugambwe umuntu arimwo.

Abarepublikani mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ya Amerika barerekanye ko badashigikiye umugambi wa Prezida Biden w’ukuduza amatagisi. Basigura ko ivyo bishobora kugeramira abakozi, n’ubutunzi, bikongera bigatuma amasosiyete yo muri Amerika adashobora guhiganwa bihagije ku masoko mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG