Uko wahagera

Abantu 5 Barishwe mu Gitero c'Iterabwoba muri Mozambike


Maputo, Mozambique
Maputo, Mozambique

Abantu 5 barishwe ku musi wa gatatu ku muhingamo n’imipanga n’imbugita mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Mozambike. Ivyo vyabaye mu gitero citiriwe Abayisilamu nkuko vyatangajwe n’igipolisi uno musi ku wa kane.

Umuvugizi w’igipolisi atashatse kw’izina ryiwe rimenyekana yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, ko habaye ikindi gitero gishasha mu ntara ya Cabo Delgado. Atangaza ko uwo ariwo murwi wari wateye imihana iri hafi y'aho. Igitero c’uwo murwi cabaye isaha zitatu zo mw’ijoro.

Avuga ko abagize ico gitero bari bitwaje imbugita n’imipanga. Barasambuye n’amazu atari make. Ico gitero cabereye mu mihana y’ahitwa Namaluco, ku bilometero ijana mu buraruko bwa Pemba, umurwa mukuru w’intara ya Cabo Delgado.

Ni igitero kigira gatatu cihaye inkumbi kuva mu mpera z’ukwezi kwa gatanu muri iyo ntara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG