Uko wahagera

Papa Fransisko Yiteguriye Kugendera Iraki


Papa Fransisiko azogendera igihugu ca Iraki mu kwezi kwa gatatu k'umwaka uza niyo ikiza c'umugera wa Corona cabirekurira. Iyo nkuru yatangajwe n’ibiro vya Papa i Vaticano uno musi ku wa mbere. Ruzoba rubaye urugendo rwa mbere azoba agize mu mahanga mu kiringo kirenga umwaka.

Umuvugizi w’ibiro vyiwe i Vaticano, Matteo Bruni yatangaje uno musi ku wa mbere ko Papa Fransisiko azogira urwo rugendo hagati y’italiki 5 n’italiki 8 z’ukwezi kwa gatatu mu mwaka uza w’i 2021. Azogendera umurwa mukuru, Bagdad n’ibisagara vya Irbil, Mosul na Qaraqosh.

Bruni avuga ko ikirangamisi c’urugendo rwa Papa Fransisiko kizotangazwa hanyuma kandi ko kizokwisunga uko ibintu bizoba vyifashe mu makungu ku bijanye n’ikiza c’umugera wa Corona.

Ruzoba rubaye urugendo rwa mbere rwa Papa Fransisiko mu mahanga kuva mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka w’i 2019, igihe yagendera ibihugu vya Tayilande n’Ubuyapani. Azoshikana imyaka 84 kw’italiki 17 z’uku kwezi kw’icumi na kabiri.

Ibiro vyiwe i Vaticano bimenyesha ko yemeye ubutumire bwa Reta ya Iraki na Ekleziya katolika yo muri ico gihugu.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG