Uko wahagera

Pakistani Yihoye Amerika ku Badipolomate


Igihugu ca Pakistani kuri uyu wa gatanu cafatiye ingingo yo kubuza abadipolomate ba Reta zunze ubumwe z’Amerika kugira ingendo mu gihugu no gusubira kuvyo cahaye Amerika.

Iyo ngingo ije nko kwihora iyafashwe na Reta zunze ubumwe z’Amerika ibuza abadipolomate ba Pakisitani kwiyunguruza hagati muri Amerika ku birometero 40 bava ku biro vya ambasade I Washington batabiherewe uruhusha.

Urwandiko rw’umushikiranganji w’imigenderanire yarungikiye ibiro vya Ambasade y’Amerika i Islamabad rwavuga ko ari ingingo yo kwihora.

Urwo rwete ruremeza kandi ko Pakistani yamenyeshejwe ingingo yafatiwe Abadipolomate b’ico gihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, yatanguye gushirwa mu ngiro kuri iyi tariki ya 11 z’ukwezi kwa gatanu.

Jalil Abbas Jilani, yahoze ari ambasaderi wa Pakistani i Washington, yatangaje ko izo ngingo ari ikimenyetso c’uko imigenderanire hagati ya pakistani na Reta zunze ubumwe z’Amerika yatitutse, agasaba ivyo bihugu kubiganirako.


Imigenderanire hagati ya Reta zunze ubumwe z’Amerika na Pakistani yaratitutse mu mezi aheze, kuv'aho Reta zunze ubumwe z’Amerika zihagarikiye umuriyaridi urenga w’amadolari zahora zifashisha Pakistani muvy’umutekano buri mwaka.

Mu ntango z’uyu mwaka Perezida Donald Trump yavuze ko Amerika imaze guha Pakistani amamiriyaridi arenga 33 y’amadolari y’imfashanyo ariko ko ata na kimwe Amerika yungutse atari “kubeshwa”. Trump yagirije Pakistani guha indaro abakora iterabwoba, Reta zunze ubumwe z’Amerika iriko irarwanya mu gihugu kibanyi ca Afghanistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG