Uko wahagera

Pakistani: Abakekwa Kuba Intagondwa Ziyitirira Islamu Bishe Abapfasoni 4


Abarwanyi bakekwa kuba intagondwa ziyitirira idini rya Islamu baraye bishe abapfasoni bane bakorera mu gisata c'ubutabazi muri Pakistani. Polisi ya Pakistani yatangaje ano makuru uno munsi ku wa mbere ivuga ko imodoka abo bapfasoni barimwo yagabweko igitero igihe bariko baja ku mirimo yabo.

Umushoferi w’umugabo yari abatwaye yarakomeretse, umupfasoni wa gatanu nawe arusimba ku gihamana. Izina ry’ishirahamwe bakorera ntiryatangajwe. Gusa, polisi y'ico gihugu yavuze ko ari ishirahamwe rironsa inyigisho zo kwiteza imbere abapfasoni baba mu gihugu hagati muri Pakistani. Nta murwi n’umwe wiyitiriye iki gitero naho hari ukwikeka ko coba cakozwe n’intagondwa ziyitirira idini rya Isilamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG