Uko wahagera

ONU Yatanze Imiriyoni 65 z'Amadorali yo Gutabara Abanyetiyopiya. 


Mark Lowcock atwara igisata co gutabara muri ONU yatangaje ivy’imfashanyo yahawe Etiyopiya
Mark Lowcock atwara igisata co gutabara muri ONU yatangaje ivy’imfashanyo yahawe Etiyopiya

Mark Lowcock atwara igisata co gutabara muri ONU yatangaje ivy’iyo mfashanyo avuga ko imiriyoni 40 muri izo 65 zizofasha abatuye mu ntara ya Tigray, 25 zisigaye zishigikire abo mu turere tugeramiwe n’uruzuba na cane cane akarere ka Oromia.

ONU naho yemeza ko ibikenewe ari vyinshi, yavuze ko imiriyoni 40 ihaye Tigray zizokora mu kuronsa uburaro abatabufise, gutanga amazi meza, gukumira ugufatwa ku nguvu no gushigikira abamaze guhura n’ako kaga. Iki caha co gufata ku nguvu abakobwa n’abagore kiraje ishinga ONU cegekwa ahanini ku basirikare ba Etiyopiya na Eritreya.

ONU ivuga ko muri rusangi abakeneye gufashwa muri Etiyopiya yose vyihuta barenga imiriyoni 16, Tigray yonyene ubwayo ikaba irimwo imiriyoni zine n’ibihumbi amajana atanu bakeneye imfashanyo.

Muri abo, harimwo n’abana batagira ico bashira ku munwa. Uwutwara ico gisata co gutabarana muri ONU mw’itangazo ryiwe yashimangiye ko izo mfashanyo zibwirizwa kwongerezwa kuko zidakwiye.

Hari ibibazo ONU yerekanye bibangamiye Tigray kuva yatangura kuvugwamwo ingwano amezi atandatu araheze. Ivyo harimwo inzara, ugufatwa ku nguvu ku bapfasoni n’abakobwa, ukutaronswa bimwe mu bintu vya nkenerwa birimwo ubuvuzi hamwe n'uburaro budashemeye mu bateshejwe izabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG