Uko wahagera

ONU Yagiriza Sudani Ubusuma bwa Miliyoni 36 y'Amadolari


Yasmin Sooka umuyobozi mukuru w’urwego rwa ONU rujejwe agateka ka muntu,
Yasmin Sooka umuyobozi mukuru w’urwego rwa ONU rujejwe agateka ka muntu,

Urwego rw'ishirahamwe mpuzamakungu rujejwe agateka ka muntu rutangaza ko igihugu ca Sudani yo mu bumanuko casahuye amafranga agera ku milioni 36 y'amadolari kuva mu mwaka w'i 2016

Urwo rwego ruvuga ko ayo mafranga yasahuwe n’abategetsi ba reta n’abanyapolitike bakomeye mu kigega ca reta no mu kigo gitoza amatagisi. Ni mu gihe ruswa yakwiragiye mu nzego za reta ibandanya kugira ingaruka zikomeye ku butunzi bw’ico gihugu.

Umuyobozi mukuru w’urwego rwa ONU rujejwe agateka ka muntu, Yasmin Sooka, avuga ko ayo ari amafranga bashoboye kubona. Ko ivyo biterekana ayamaze gusahurwa mu vy’ukuri. Amenyesha ko amwe muri ayo mafranga yakoreshejwe mu kugura amazu n’ayandi matungo mu mahanga.

Urwego rwa ONU rujejwe agateka ka muntu n’ayandi mashirahamwe bimaze igihe bigabisha ko abategetsi ba Sudani bariko basahura imiliyoni n’imiliyoni y’amadolari y’igihugu. Ubutunzi bucumbagira bw’ico gihugu buzera cane ku mwimbu w’ibitoro.

Umuyobozi mukuru w’urwego rwa ONU rujejwe agateka ka muntu, Yasmin Sooka avuga ko raporo ikigo kijejwe gutoza amatagisi mu gihugu giherutse gushikiriza inama nshingamateka yerekana ko amafranga agera ku miliyoni 300 y’amadolari yazimanganye mu mezi atatu arangiye yonyene.

Avuga ko amafranga ariko asahurwa mu gihe abanyagihugu bafise ububabare ntangere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG