Uko wahagera

ONU: Urwanko Rufatiye ku Rukoba Rurasibije Amerika


Michelle Bachelet atwara akanama ka ONU kajejwe agateka ka zina muntu
Michelle Bachelet atwara akanama ka ONU kajejwe agateka ka zina muntu

Umukuru w’akana k’ishirahamwe mpuzamakungu kajejwe agateka ka zina muntu yavuze ko igandagurwa rya George Floyd ryerekana ukuntu urwanko rufatiye ku rukoba rugisibije muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Michelle Bachelet, uyu musi ku wa gatatu yashimye urubanza n’igihano cafatiwe umupolisi Derek Chauvin yagandaguye George Floyd. Yavuze kandi ko urwo rubanza rwerekanye ko inzira yo kurangiza urwanko n’ikumirwa ry’abirabirabure muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ikiri ndende.

Ejo ku musi wa kabiri, Derek Chauvin yahoze ari umupolisi mu gisagara ca Minneapolis, muri reta ya Minnesota yaragiriwe n’ivyaha vyo kugandagura George Floyd yakoze mu kwezi kwa gatanu mu mwaka w’2020.

Umurwi w’abashingantahe n’abapfasoni 12 batowe kwunganira umucamanza, basanze Chauvin yarakoze ivyaha bitatu vyose yagirijwe. Uyo mugabo w’imyaka 45 yahoze ari umupolisi, ashobora gupfungwa imyaka 40.

Umukuru w’akanama k’ishirahamwe mpuzamakungu kajejwe agateka ka zina muntu, Bachelet yavuze ko ivyaha uyo mugabo yagirijwe, bitari agaseseshwa rumuri. Yongeye avuga ko ubutungane bwari kuba buyovye iyo butamwegekako ivyo vyaha vyose.

Yateye akamo kandi gasaba ko imanza zose z’ubwicanyi bwakozwe n’abapolisi zikwiye gushirwa imbere ya sentare, ngo kuko igihe co kudahana ivyaha nk’ivyo gikwiye guhagarara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG