Uko wahagera

Dereck Chauvin Yagiriwe n'Ivyaha Vyose ku Rupfu rwa George Floyd


Derek Chauvin

Perezida Joe Biden kuri uyu wa kabiri yasavye abanyamerika kuguma biyunze, inyuma y’aho sentare yo mu gisagara ca Minneapolis yegetse ivyaha vy’ubwicanyi ku wahoze ari umuporisi, Derek Chauvin, yagirizwa kwica umwirabure George Floyd. Perezida Biden yasavye kandi abakora imyiyerekano kuguma mu mihana yabo batekanye.

Derek Chauvin, kuri uyu wa kabiri yagiriwe n’ivyaha vyose yagirizwa ku rupfu rw’umwirabure, George Floyd, harareze hafi umwaka.

Chauvin yagiriwe n’ivyaha bitatu, ubwicanyi bwo ku rugero rwa kabiri butagambiriwe, ubwicanyi bwo ku rugero rwa gatatu hamwe n’ubwicanyi bwo ku rugero rwa kabiri.

Abacamanza 12 barimwo abazungu batandatu n’abandi birabure batandatu nibo bamaze amasaha hafi atandatu mu mwiherero kuri uyu wa mbere, baca irya n’ino ivy’urwo rubanza rwari rumaze indwi zitatu ruburanishwa, imbere yo gufata ingingo.

Naho Chauvin yahakanye ivyaha vyose yagirizwa, sentare yamuciriye igifungo c’imyaka 40 mw’ibohero.

Mu ndwi iheze, Chauvin yisunze uburenganzira ahabwa n’ibwirizwa shingiro yanka kwisobanura ku vyaha yagirizwa.

Mu gihe uru rubanza rwariko rurasozerwa, abategetsi muri Minneapolis bari bafise ubwoba ko hashobora kuba imigumuko mu mabarabara inyuma y’iyo ngingo ya sentare. Amaduka atari make yugajwe imbaho imiryango n’amadirisha mu gukinga kugira ibidandazwa ntivyibwe nkuko vyabaye igihe Floyd yicwa, hahareze hafi umwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG