Uko wahagera

ONU: Isi Iriko Yiyimbira Umwobo Kubera Kudakingira Ibidukikije


Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres
Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yatangaje uno musi ku wa mbere ko abari mw'ikoraniro mpuzamakungu kw'ihindagurika ry'ibihe ririko ribera mu gisagara ca Glasgow muri Ecosse bategerezwa gufata ingingo kugira bagarukire isi n'abayibako

Guterres yatangaje ko ibihugu bitegerezwa kwubahiriza imigambi vyishinze mu masezerano y’i Paris y’ugutuma ubushuhe kw’isi butarenga degre 1.5 celsius. Amenyesha ko uko ibintu vyifashe muri iki gihe isi iriko iriyimbira icobo.

Yatangaje ko abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi bakwiriye gutuma ikoraniro ririko ribera mu gisagara ca Glasgow rishika ku ntambwe ziboneka mu ntumbero y’uguhangana n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe.

Amenyesha ko kugeramira ibidukikije, kwiyicisha imyuka mibi igeramira ubuzima bw’abanyagihugu bitegerezwa guhagarara. Avuga ko babandanije babigenza uko bazoba bariko bariyimbira ivyobo.

Hari ukutumvikana gukomeye mw’ikoraniro kw’ihindagurika ry’ibihe ririko ribera mu gisagara ca Glasgow ku bibazo bitari bike vyaba ibijanye n’amafranga yotegekanywa ku bijanye n’uguhangana n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe canke uburinganire mu gushobora kuronka incanco z’ukwikingira ikiza ca Covid-19. Bikaba vyatumye bamwe mu baserurkira ibihugu vyabo batitaba iryo koraniro.

Umunyamabanga mukuru wa ONU yasavye ibihugu bitunze kwubahiriza ivyo vyemeye vy’ugutanga imiliyaridi 100 ku mwaka agenewe gufasha ibihugu bikenye kurusha ibindi guhangana n’ingaruka z’ihundagurika ry’ibihe. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG