Uko wahagera

ONU Ishavujwe n'Igitero ku Miduga Itwaye Ibifungurwa


Imiduga itwaye ibifungurwa by'ishirahamwe PAM
Imiduga itwaye ibifungurwa by'ishirahamwe PAM

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rirashavujwe cane n'igitero cakozwe ku modoka zayo zari zitwaye infashanyo z'ibifungurwa muri Sudani yo mu bumanuko.

Ishami ry’ishirahamwe ONU ritanga ibifungurwa PAM ritangaza ko rishavujwe cane n’ico gitero cakomerekeje abakozi bayo 3 uwundi irengero ryiwe rikaba ritazwi. Ico gitero cabaye ku musi wa mbere igihe imodoka z’ishirahamwe PAM zari zitwaye infashanyo z’ibifungurwa mu bice vya Melut na Malakal mu buraruko bw’igihugu.

Izo nfashanyo zari zigenewe gufasha abantu ibihumbi amajana n’amajana bavanywe mu zabo n’imyuzure iherutse kuba mu gihugu.

Ishirahamwe PAM rimenyesha ko umukozi waryo irengero ryiwe ritazwi ashobora kuba yarapfuye. Nta vyinshi rivuga ku bakoze ico gitero.

Umuyobozi w’ishirahamwe PAM muri Sudani yo mu bumanuko, Matthew Hollingworth yasavye abategetsi b’ico gihugu gushira imbere y’intahe abakoze ico gitero kigayitse.

Sudani yo mu bumanuko ni kimwe mu bihugu aho umutekano w’abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza bashobora kugeramirwa kurushiriza umuntu abigereranije n’bindi bice vyo kw’isi.

Ishirahamwe ONU ryagabishije ko Sudani yo mu bumanuko iri mu bihugu biri ku rushi bishobora kugeramirwa bikomeye n’inzara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG